#Burundi #FFB: Ihiganwa Rya Primus Ligue Rirahagaritswe.

Imvo zatumye bafata iyo ngingo nuko bagira bahe akanya umugwi nserukira gihugu Intamba murugamba za batarenza imyaka 23 kwitegurira neza urukino ruzozihuza  n'igihugu ca Tanzania.

Igisata kijejwe gutegura inkino mw’ishirahamwe ry’umupira wa maguru mu Burundi, FFB casohoye ikete rihagarika inkino zindwi ya 15 ya Primus Ligue Burundi zirangiza igice ca mbere ciryo higanwa (Phase Aller) zari zitegekanijwe mumpera zino ndwi. Imvo zatumye bafata iyo ngingo nuko bagira bahe akanya umugwi nserukira gihugu Intamba murugamba za batarenza imyaka 23 kwitegurira neza urukino ruzozihuza  n’igihugu ca Tanzania muri kuno kwezi nyene kwa Munyonyo, muntumbero yo kurondera itike za CAN 2019 zizobera muri Egypte.

Ico gisata kirongowe na Yussuf Mossi, bavugako bazomenyesha igihe ihiganwa rizosubira gukinwa mugihe  CAF izoba yahaye ikiringo c’inkino za CAF Champions League na CAF Confederation zogukurakuranamwo ahozizotangurira.

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: