#France #LesBleus: Anthony Martial Murutonde Rw’abakinyi Bahamagawe Na Didier Deschamps

Harashize amezi umunani Anthony Martial adaheruse guhamagarwa mu mugwi nserukira gihugu w'ubufaransa.

Kuruyu wa kane, umumenyereza w’umugwi nserukira gihugu w’ubufaransa, Didier Deschamps  yahamagaye urutonde rw’abakinyi 23 agiye kwifashisha munkino 2, urwa mbere muri Ligue des Nations ruzobahuza na Pays-Bas, itariki 16 Munyonyo hamwe nurundi rwa kivandimwe ruzobahuza na Uruguay, itariki 20 Munyonyo. Muri runo rutondera dusanganwo izina rya Anthony Martial aheruka muruyo mugwi haraciye amezi 8  ubu akaba agarutse muruyo mugwi bivanye nuko ariko aravyitwaramwo neza mu mugwi wiwe  wa Manchester United.

France 24

Abanyegori (3) : Hugo Lloris (Tottenham), Steve Mandanda (Olympique de Marseille), Alphonse Areola (Paris SG).
 
Abanyugariro(8) : Raphaël Varane (Real Madrid), Presnel Kimpembe (Paris SG), Mamadou Sakho (Crystal Palace), Adil Rami (Marseille), Djibril Sidibé (Monaco), Benjamin Pavard (Stuttgart), Benjamin Mendy (Manchester City), Lucas Digne (Everton).
 
Abakina hagati mu kibuga (5) : Paul Pogba (Manchester United), N’Golo Kanté (Chelsea), Blaise Matuidi (Juventus Turin), Tanguy N’Dombélé (Lyon), Steven N’Zonzi (AS Roma).
 
Abasatirizi (7) : Antoine Griezmann (Atletico Madrid), Kylian Mbappé (Paris SG), Olivier Giroud (Chelsea), Ousmane Dembélé (Barcelone), Florian Thauvin (Marseille), Nabil Fekir (Lyon), Anthony Martial (Manchester United).
Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko: