#Burundi #CAF: Messager Ngozi FC Yatomboje Umugwi Wo Muri Misiri, Vital’o FC Nawo Utomboza Uwo Muri Cameroun.

Messager Ngozi FC uzoja muri Misiri, Vital'O FC nayo muri Cameroun.

Kuruyu wa kane , ishirahamwe ry’umupira wa maguru muri Afrika CAF wahavuye usohora uko imigwi izohura mwikurakuranamwo muri Champions League no muri Coupe de la Conféderation.

Umugwi uzoserukira uburundi muri Champions League ariwo Messager Ngozi FC watomboje umugwi wo mugihugu ca Misiri Ismaily.

Messager Ngozi FC ukaba uzoserukira Uburundi murizo nkino kubera ko aribo batahukanye ihiganwa ry’igihugu Primus Ligue Burundi mu mwaka uheze.

Kuruhande guwundi mugwi uzoserukira igihugu c’Uburundi ni Vital’O FC yatahukanye igikombe citiriwe umukuru w’igihugu mu mwaka uheze, uzohura n’umugwi wo mugihugu ca Caameroun New Stars de Douala muri Coupe de la Conféderation.

Inkino za mbere muriryo kurakuranawmo zikaba zitegekanijwe ku magenekerezo ya 27 na 28 Munyonyo, izogusubiriza nazo zikaba zitegekanijwe itariki 4 na 5 Kigarama uno mwaka nyene.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko: