#Burundi: Hagiye Gutanguzwa Umugambi Wo gukora Abarwayi Witwa Chirurgie Mini Invasive Mu Burundi.

Sylvain NIYONKURU asigura yuko ubwo buhinga busanzwe bukoreshwa mu bihugu biteye imbere.Ngo ico butandukaniyeko nubwo twahora dukoresha nuko nko gukora mu nda vyasaba ko bugurura umuntu bakagenda kuraba mu nda ingene hameze hanyuma bakahakora kandi bakugurura hanini. Ubwo buhinga bushasha ngo bufasha gukora ivyo bahora bakora mu gukoresha udutoboro duto duto kandi batarinze kwugurura umurwayi.

Hagiye gutanguzwa umugambi wo gukora abarwayi witwa chirurgie mini invasive mu gifaransa. Vyashikirijwe na muganga Sylvain NIYONKURU, umuhinga wo gukora abarwayi, kuri uyu wa kane, ni mu gihe hariko hatanguzwa icitse ubwo buhinga bushasha bwo kubaga abagwayi aha mu Burundi. Muganga Sylvain NIYONKURU amenyesha ko ubwo buhinga bufise akarusho ku barwayi gusumba ubwahahora nko kumara umwanya muto mu bitaro hamwe nuko umurwayi amara umwanya muto kugira akire.

Sylvain NIYONKURU asigura yuko ubwo buhinga busanzwe bukoreshwa mu bihugu biteye imbere.Ngo ico butandukaniyeko nubwo twahora dukoresha nuko nko gukora mu nda vyasaba ko bugurura umuntu bakagenda kuraba mu nda ingene hameze hanyuma bakahakora kandi bakugurura hanini. Ubwo buhinga bushasha ngo bufasha gukora ivyo bahora bakora mu gukoresha udutoboro duto duto kandi batarinze kwugurura umurwayi.

Ngo ubwo buhinga bushasha butuma ubwa mbere na mbere opération ica inyaruka ikamara umwanya muto kuko ubwa mbere hari umwanya wo kwugurura n’umwanya wo kwugara.

Hanyuma n’ibikoresho bikoreshwa n’ibikoresho binyaruka aho bahora bakoresha inyuzi canke ibindi bintu bazokoresha ibikoresho bigakora nk’ivyakorwa n’inyuzi mugabo mu mwanya muto. Ngo umurwayi rero amara umwanya muto mw’ibagiro. Rero uko amara umwanya muto nuko aba yakoresheje ibikoresho bike ni nako ariha bike.

Muganga Sylvain NIYONKURU asigura kandi yuko uko umuntu amara umwanya muniniya ariko arakorwa niko biba bishoboka ko ama microbes ashobora kujamwo akagira ivyo bita infections. Gukoresha ubwo buhinga bisigura kumara umwanya muto mu b’ubagiro. Udutoboro dutoyi rero dukorwa dutuma umuntu atababara cane inyuma ya opération bigaca bituma anashobora kwitahira hakiri kare.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko: