#Europe: Chelsea Iripfuza Umusatirizi Wa Bournemouth, Mesut Ozil Muri Arsenal Akaramata, Arsene Wenger Ngo Ivyo Muri Real Madrid Sivyo.

Wenger arabeshuza ivyo muri Real Madrid, Callum Wilson aripfuza hasi hejuru na Chelsea mugihe Mesut Ozil bishoboka akarangiriza muri Arsenal.

Biravurwa ko umugwi wa Chelsea umaze gutanga imiriyo 35£ za mapawundi ku musatirizi wa Bournemouth, Callum Wilson w’imyaka 26 aherutse guhamagarwa mu mugwi nserukira gihugu w’ubwongereza « The Three Lions. »  (The Sun).

TalkSport

Mesut Ozil yavuzeko ashobora kurangiriza ivyo gukina umupira wa maguru mu mugwi wa Arsenal. Yaje muruyo mugwi kuva muri 2013 avuye muri Real Madrid. (London Evening Standard).

Umumenyereza wa kera wa Arsenal, Arsene Wenger yabeshuje amakuru yaramaze iminsi amuvurwako, ko agiye kumenyereza umugwi wa Real Madrid, mukiganiro yahaye Bein Sport, Wenger yavuzeko abarongoye uyo mugwi batarigera bamwegera. Akaba yashikirije ivyo inyuma yaho kandi abeshuje amakuru yamujana mu mugwi wa Milan AC ndetse ayita « Fake News » amakuru y’ibinyoma.

Eurosport

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko: