#Africa #CAF: Esperance Sportive De Tunis Watahukanye Igikombe Ca Champions League Muburyo Butanganje Ubanje Gutsinda Al Ahly.

Al Ahly wariwashoboye gutsindira iwayo muri Misiri muri fiçnale ya mbere ibitsindo bitatu kuri kimwe ca Esperance Sportive De Tunis (3-1).

Le Parisien

Kuruyu wa gatanu niho umugwi wa Esperance Tunis watahukanye igikombe ca Champions League co kumugabane wa Afrika utsinze umugwi usanzwe ifise ivyo bikombe vyinshi kuruno mugabane wa Afrika Al Ahly wo muri Misiri ibitsindo bitatu ku busa (3-0). Ni murukino rwanyuma rugira kabiri muri kino gikombe  ni mugihe murukino rwambere Al Ahly wariwashoboye gutsindira iwayo muri Misiri muri fiçnale ya mbere ibitsindo bitatu kuri kimwe ca Esperance Sportive De Tunis (3-1).

Ku munota wa 45′ mugice ca mbere niho Saad Bguir yatanguye kwinjiriza umugwi wiwe ndetse yiyongera ikindi ku munota wa 54′ maze Anice Badri azakwongereza ikindi gitsindo caciye  gihamba burundu ivyizigiro vya Al Ahly ku munota 87′ gutyo uyo mugwi uba uratahukanye imiriyoni 2,2 vya manyaburaya bingana agaciro nico gikombe batahukanye. Uteranije ikino zose zibiri urwa mbere nurwo gusubiriza, Esperance Tunis ifise ibitsindo 4-3 vya Al Ahly.

Hari haraciye ikiringo c’imyaka 7 uyo mugwi udaherutse gutahukana ico gikombe, bagiheruka muri 2011. Kino gikombe batahukanye kigira gatatu mumateka ya Esperance Tunis utahukanye, ubwambere  hari 1994, 2011 no muri 2018.

Mwomenye kandi ko Esperance Sportive De Tunis ariwo uzoca userukira Afrika mugikombe c’isi yose c’imigwi yatahukanye ibikombe vyo kumigabane yayo muri Kigarama.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko: