Indwi Yahariwe Gukoresha Neza Imiti Irwanya Imigera Iyo bita Antibiotique.
Ingaruka zavyo ngo nuko bishobora gutuma indwara zimwe zimwe nkizifatira mu bihimba vy’ihemero canke igituntu zigorana kuvura .
Gufata umuti utawandikiwe n’umuganga ngo bifise ingaruka mbi kumagara y’abantu. Nkuko biri mu butumwa bw’uwurongoye igisata ca Africa c’ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS imiti igwanya imigera bita antibiotique ngo iyo umuntu ayifashe atayandikiwe n’umuganga abifiye ubumenyi bituma itagishobora gukiza indwara zimwe zimwe.
Muganga Matshediso Rebecca MOETI agahanura uwo wese afise ingorane y’amagara kwitwararika gusaba impanuro muganga imbere yo gufata umuti kanaka ni mu gihe kuva kuri uyu wa mbere kw’igenekerezo rya12 gushika 18 Munyonyo ari indwi yahariwe gukoresha neza imiti irwanya imigera iyo bita antibiotique mu rurimi rw’igifaransa.
Mu butumwa bw’uwurongoye igisata ca Africa c’ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS, Matshediso Rebecca MOETI amenyesha yuko imiti irwanya imigera yo mu bwoko bwa ma bacteries bita antibiotique mu gifaransa ngo irakoreshwa cane. Ariko rero ngo iyo miti iyo iyikoreshejwe nabi ngo bituma itakaza ubushobozi bwo kurwanya imigera infections gutyo ntiba ishoboye gukiza umurwayi.
Ingaruka zavyo ngo nuko bishobora gutuma indwara zimwe zimwe nkizifatira mu bihimba vy’ihemero canke igituntu zigorana kuvura .
Muri ubwo butumwa docteur MASHIDISHO MOETI arongoye igisata ca OMS muri africa ahanura umuntu wese kubanza gusaba impanuro muganga yabinonosoye imbere yo gufata mwe niyo miti.
Ikindi ashikiriza muri ubwo butumwa ngo nuko ibitaro n’amavuriro bifise uruhara ntangere mu kugwanya no gukinga indwara ziterwa n’imigera mu kwitwararika isuku nayo abaganga ngo bokwandikira umugwayi gufata imiti igwanya imigera antibiotique mu gihe babona ko bikenewe koko ngo bonasigurira abagwayi ikoreshwa ry’iyo miti.
MASHIDISHO MOETI amenyesha ko hagikeneye kwongerezwa imitahe mu gisata c’imiti kugira ngo hahingurwe imiti mishasha yo kugwanya imigera kuko ngo vyagaragaye ko igenda iratakaza ubushobozi bwayo bivanye n’ingene ikoreshwa nabi. Akamenyesha kandi ko kuva mu mwaka 1980 ihingugwa rya mweneyo miti ryagiye riragabanuka.
Tubibutse yuko indwi yahariwe gukoresha neza imiti irwanya imigera ″Antibiotique″ izohimbazwa ku c’ivugo : ″Saba impanuro muganga yabinonosoye imbere yo gufata umuti urwanya imigera.″
0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!
Ivyiyumviro!
Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.