#Tanzania: Bakari Shime ati « Icizere Nicinshi Cane Cokuvyitwaramwo neza Imuhira Muri Tanzania »

Icizere ni cinshi cane kuri Tanzania co kuvyitwaramwo neza murukino rwogusubiriza.

Umumenyereza wa Tanzania U-23 canke Kilimanjaro Warriors, Bakari Shime inyuma yogutsindwa n’intamba murugamba zabatarenza imyaka 23 yatanguye akeza Intamba kunsinzi yaronkeye imuhira yongera avugako ico yari yatumye abakinyi biwe arivyo bakoze nubwo bitashoboye kugenda neza.

©Samuel Shivambu/BackpagePix

Ubwambere turashima kubona urukino rwarangiye neza, ubwakabiri rekadukeze abatsinze kuko bashoboye kuronka intsinzi nziza bari muhira iwabo, ubwagatatu nshimire abakinyi banje bakoze ivyo nari nabatumye nubwo bitagenze neza turatsindwa bibiri.

Shime yamenyesheje kandi icatumye batsindwa mugihe bagaragaye mugice ca kabiri bakina neza.

Urunurukino rw’umupira wamaguru ruguma ruhindagurika, nivyo twakinye neza ariko twakoze amakosa abiri, ubwambere umukinyi wacu winyuma yakoze kumupira hama ubwakabiri umukinyi wacu yakorewe amakosa umuhagarikizi ntiyasifuye avyara igitsindo ca kabiri. Muvyukuri twabonye ivyabaye mukibuga twebwe nk’umugwi tugiye kwitegura kugira turabe ukuntu twosubiza ibi bitsindo.

Uyo mumenyereza wa Tanzania U-23 nicizere cinshi cane yarangije amenyesha ko bafise icizere cinshi cane cokuvyitwaramwo neza imuhira iwabo muri Tanzania.

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: