#Tanzania: Wema Sepetu Yirukanwe mu Nzu kubera Kunanigwa kuriha Indaro.

Amaze amezi atari make atariha inzu yabamwo i Salasala, Wema Sepetu yirukanwe munzu yongera asabwa kuyivamwo mu maguru masha. Niho yatekera utwiwe araheza arasohoka mu mutwenzi atanumwe aravyuka mu babanyi kugira yikingire agatwengo.

Photo: Wema Sepetu / Instagram.

Umukinyi wamareresi akundwa cane mu gihugu ca Tanzania no mu karere k’Afurika yo mu Buseruko, Wema Isaac Sepetu, azwi cane nka « Wema Sepetu », aheruka kwirukanwa mu nzu kubera ibibazo vy’amahera yo kuriha inzu (indaro) yarasanzwe akose.

Wema Sepetu, w’imyaka 30 y’avuka, asanzwe ari igihangange mu gukina amareresi yo mu rurimi rw’igiswahili kandi asanzwe anandika akongera agategura amareresi, yahora akose inzu yabamwo mu bice vya Salasala mu gisagara ca Dar Es Slaam muri Tanzania. Salasala ni imwe mu mihingo ibamwo abantu bafise amikoro manini mur’ico gisagara c’umugwa mukuru w’ubudandaji ca Tanzania.

Nkuko tubikesha ibinyamakuru vyinshi vyo mu karere, uyo munyamareresi amaze imisi ari mu bibazo bitoroshe vy’amahera kuva aho afatiwe ibihano na Leta ya Tanzaniya vyo kudasubira gukina ireresi ayariyo yose mu gihugu ca Tanzania bivanye nimyifato itajanye n’akaranga yerekanye mu mashusho yagiye ahabona mu misi iheze. Ivyo bihano bikaba bitazwi gihe bizoherera. Akaba yaranapfunzwe ariko aca ararekugwa ivyagateganyo inyuma yo gutanga ingwati ingana n’imiriyoni 10 y’amafranga y’Amatanzaniya. Wema Sepetu yitezwe kurenguka kandi ku ndwi iza ku musi wa Kabiri muri Sentare y’Intango ya Kisutu mu gisagara ca Dar Es Salaam aho azoba agiye kwitaba kurivyo birego yagirizwa.

Photo: Wema Sepetu / Instagram.

Amaze amezi atari make atariha inzu yabamwo i Salasala, Wema Sepetu yirukanwe munzu yongera asabwa kuyivamwo mu maguru masha. Niho yatekera utwiwe araheza arasohoka mu mutwenzi atanumwe aravyuka mu babanyi kugira yikingire agatwengo.

Nkuko abasokuru bayamaze bati: « urutugu rurakura ariko ntirusumba izosi », ubu Wema Sepetu yasubiye gusaba indaro kwa nyina wiwe umuvyara asanzwe aba ngaho nyene mu gisagara ca Dar Es Salaam mu bice vya Sinza. Amakuru avugwa cane kandi yashimishije benshi nuko nyina wiwe yamwakiriye neza n’umutima w’umuvyeyi naho bivugwa kandi ko bari bamaze imisi badahuza.

Amakuru abandanya adushikira nuko Wema Sepetu yari asanzwe afise umubano mubi cane n’abenegehugu bo mu micungararo ya Salasala kuko bamwagiriza yuko yari acumbikiye abakora imibonano yabasangiye ibitsina kandi akongera agatera urwamo rw’imiziki yavuza kwiradiyo. Ivyo navyo bikaba bitashimisha benshi mu babanyi biwe.

Dar News Bureau

Magara Times News' Dar Es Salaam Bureau ni igisata kijejwe gutororokanya no kumenyesha amakuru ajanye n'ivyo mu gihugu ca Tanzania. Ico gisata kandi kijejwe abaduha amakuru n'abo dukorana mu kumenyesha amakuru bari canke bakorera mu gihugu ca Tanzania. Mu Kirundi, kwirikirana amakuru yacu hano: https://www.magaratimes.com/category/eastafrica/tanzania/

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: