#Burundi #CAN2019: Uburundi Buhejeje Kunyagira Soudan Y’epfyo, Buciye Bufata Ikibanza Ca Mbere.

Intamba murugamba ziciye zifata ikibanza ca mbere mw’itsinda rya C n’amanota 9 n’ibitsindo 6, mukurindira ko Mali ifise amanota 8 itana mumitwe na Gabon ifise amanota 7.

Munkino zogukurakuranamwo mukurondera itike za CAN 2019 zizobera mugihugu ca Cameroun, zari zinjiye mundwi yaryo igira gatanu. Uburundi canke Intamba murugamba zihejeje kunyagira igihugu ca Soudan y’epfo ibitsindo bitanu kuri bibiri (5-2) bayisanze iwabo mu gisagra ca Juba hari kuruyu wa gatanu.

Soudan y’epfo niyo yatanguye kwinjiza igitsindo hakirikare kare gose mugice ca mbere kigomborwa na Amissi Cédrick, Abdoul Razaq Fiston yinjiza ikindi ca kabiri gutyo igice ca mbere kirangira Intamba murugamba ziri imbere kuntsinzi y’ibitsindo 2-1

Mugice ca kabiri Soudan y’epfo iza izikenyereye, ironka icokugombora biba bibiri kubindi maze Abdoul Razaq Fiston yinjiza ica gatatu, ica kane ndetse c’icagatanu gutyo iminota mirongo icenda irangira Uburundi bufise 5-2 vya Soudan y’epfo yamaramariye muhira.

Intamba murugamba ziciye zifata ikibanza ca mbere mw’itsinda rya C n’amanota 9 n’ibitsindo 6, mukurindira ko Mali ifise amanota 8 itana mumitwe na Gabon ifise amanota 7, mugihe Soudan y’epfo ariyo iza ubwanyuma n’amanota 0 n’umwenda w’ibitsindo 13.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: