#Burundi #CANU23: Intamba murugamba U-23 Mugisagara Ca Dar Es Salaam Gutanamunitwe Na Kilimanjaro Warriors.

Burundi U-23 zirondondera kuganya mugihe Tanzania U-23 bategerezwa gutsinda ibitsindo birenga bibiri kugira baronke uburenganzira bwokuzohura na Congo murukino rukurikira. 

Murukino rwambere Intamba murugamba zabatarenza imyaka 23 zaratsinze bibiri ku busa (2-0) igihugu ca Tanzania murukino rwabereye mugisagara ca Bujumbura. Intamba murugamba U-23 zimaze gushika mugisagara ca Dar Es Salaam kuva kuruyu w’imana muntumbero yogutana mumitwe na Kilimanjaro Warriors murukino rwogusubiriza rutegekanijwe kuruyu wa kabiri, mukurondera itike z’igikombe c’Afrika ca batarenza imyaka 23 zizobera muri Misiri 2019. Burundi U-23 zirondondera kuganya mugihe Tanzania U-23 bategerezwa gutsinda ibitsindo birenga bibiri kugira baronke uburenganzira bwokuzohura na Congo murukino rukurikira.  Urutonde rw’abakinyi 18, Staff y’abamenyereza hamwe n’umuganga bagiye muri Tanzania ngaba ngaha:

Abakinyi:

1.MUTOMBORA Fabien
2.SELEMANI Mustafa
3.NDORIYOBIJA Eric
4.BIGIRIMANA Ramadhan
5.NDIKUMANA Trésor
6.NDAYISHIMIYE Youssouf
7.MURYANGO Mabano Shabani
8.MUSORE Aaron
9.KANAKIMANA Bienvenue
10.RAMAZANI Pascal
11.BIMENYIMANA Bon- Fils Caleb
12.NSHIMIRIMANA Jospin
13.MAVUGO Cédric
14.MURYANGO Mussa
15.NDAYE Chancel
16.NDIZEYE Sefu
17.MBIRIZI Eric
18.NTIBAHEZWA Dieudonné

Abamenyereza:

Joslin Bipfubusa

Omar Ntakagero

Amidou Hassan

Umuganga:

Docteur Ndahabonayo Désiré

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Only Abanywanyi bonyene nibo barekuriwe kwandika ivyiyumviro vyabo hano.

Shares