#Burundi: Amafaranga Arenga Imiriyaridi 800 y’amakori Niyo OBR Igiye Kwegeranya Mu 2018.

Uwo arongoye ikigo OBR yarangije asaba abadandaza kwijukira gutanga fagitire kuko ngo umudandaza adatanze fagitire aba ariko aritegurira kwiba canke kunyuruza amakori yotanzwe muri OBR. Akamo abatera nuko bose bogendera uyo mugenzo mwiza wo gutanga fagitire kuko uwutanditse fagitire ntaba yanditse amafaranga ategerazwa kuja mu kigega ca leta.

Copyright@Youtube

Kuva mu mwaka wi 2016 hatanguye guhimbazwa umusi w’igihugu  wahariwe umutanga kori, amakori n’amatagisi ngo vyagiye biriyongera. Uwurongoye ikigo OBR avuga ko amakori n’amatagisi yavuye ku mi miriyaridi zirenga 630 mu 2016, mu mwaka wakurikiye wa 2017 hakaba heregeranijwe imiriyaridi z’amarundi zirenga 750. Ivyo bivugwa na Audace NIYONZIMA arongoye ikigo OBR. Akaba yabitangaje kuri uno wa mbere mu kiganiro ku bamenyesha makuru aho yavuze ko igenekerezo rya 5 ukwezi kwa 12 kuza, umusi w’umutangakori uzohimbarizwa mu ntara ya makamba.

Audace NIYONZIMA amenyesha yuko akunguko bakabona mu biharuro vy’amafaranga yinjira mu kigega rusangi. Ngu uyu musi mukuru uja mu bindi bikorwa vyo kwigisha gutanga amakori ata gahato no kugwanya urudandaza rwo  mu kinwabi. Ico gikorwa rero kikaza ari igikorwa gikomeye cane kuko gica kijamwo izindi ndongozi zifasha ico gikorwa co kwigisha gutanga amakori.

Ngo kuva 2016 aho uwo musi mukuru utanguriye guhimbazwa kwisunga amategeko ku mutangakori bigenda biriyongera. Bikabonekera rero mu biharuro. Mu 2016, imiriyaridi 637 zirenga nizo zegeranjijwe.Hama mu 2017, imiliyaridi 754 zirenga. Ngo umwaka wa 2018 ngo bakaba biteze kwegeranya amafaranga arenga imiriyaridi 800.

Audace NIYONZIMA akamenyesha rero  yuko amafaranga aja mu kigega agenda ariyongera ku mwaka ku mwaka. Kubwiwe ngo ivyo navyo bigaterwa nuko abayatanga biyongera ku mwaka ku mwaka. Ngo bihweje umwaka wa 2017 n’umwaka wa 2018 nt’amakori mashasha yagiyemwo ni yayandi nyene ariko abayatanga bagenda bariyongera.

Uwo arongoye ikigo OBR yarangije asaba abadandaza kwijukira  gutanga fagitire kuko ngo umudandaza adatanze fagitire aba ariko aritegurira kwiba canke kunyuruza amakori yotanzwe muri OBR. Akamo abatera nuko bose bogendera uyo mugenzo mwiza wo gutanga fagitire kuko uwutanditse fagitire ntaba yanditse amafaranga ategerazwa kuja mu kigega ca leta.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: