#Burundi: Imyaka 29 Iraheze Hashizweho Amasezerano Mpuzamakungu Yo Kwubahiriza Agateka k’Abana.

Kubwiwe ngo agateka k’abana ntikifashe neza cane kubera impavu nyinshi. Kubera impavu z’ibihe igihugu cagiye kiracamwo. Igihugu caciye mu bihe bitoroshe, ingwano yamaze imyaka itari mike.Ngo ivyo vyose bikajana n’ubukene mu ngo ugaca usanga rero umwana biramukozeko.

Ibihe ibihugu biba birimwo biratuma agateka k’abana gahungabana. Ivyo vyashikirijwe n’umuhinga w’urunani rw’amashiramwe aharanira agateka k’abana FENADEB mu gihe  kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 20 ukwezi kwa 11 ari umusi mpuzamakungu wahariwe agateka k’abana. Ni mu gihe kandi haheze imyaka 29 hashizweho amasezerano mpuzamakungu yo kwubahiriza agateka k’abana.

Umushingwamanza Gaudance Aimé KABUYENGE yashikirije icigwa c’ingene agateka k’abana kifashe mu Burundi. KABUYENGE  yemeza ko leta yashizeho amategeko meza akingira agateka kabana ariko akabona ko ikwiye kwongereza uburyo muri ico gikorwa.

Kubwiwe ngo agateka k’abana ntikifashe neza cane kubera impavu nyinshi. Kubera impavu z’ibihe igihugu cagiye kiracamwo. Igihugu caciye mu bihe bitoroshe, ingwano yamaze imyaka itari mike.Ngo ivyo vyose bikajana n’ubukene mu ngo ugaca usanga rero umwana biramukozeko.

Ngo kenshi ugasanga ubukene buri mu ngo buri no muri Leta. Leta rero ntironke uburyo bukwiye kugira ngo yubahirize vyukuri iteka ry’umwana ngo imuvuze itume yiga neza hanyuma umwana akurane Ubuntu, akurane ubwenge, akurane n’ubukerebutsi akunda igihugu ciwe.

Gaudence KABUYENGE amenyesha yuko kugira bihinduke Leta niyo ifise uruhara rukomeye cane. Ngo Leta nivyo yarafashe ingingo zikwiye ariko ntiyashizemwo uburyo bukwiye. Iyo umuntu ashizemwo uburyo muri ivyo vy’abana birashobora no gutuma abandi bantu bashobora gufasha igihugu kuko burya umuntu uvuze ikibazo c’umwana abantu baragitegera kurusha ibindi. Hanyuma n’abavyeyi bakamenya yuko leta yafashe ingingo igashiramwo n’uburyo nabo nyene baca bakurikira.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: