#Burundi: Vital’O FC Izohura Na New Star De Douala Yatsinzwe Na Messager Ngozi FC!

Vital'O FC yiteguriye kandi urundi rukino rwakivandimwe rugiye kuwuhuza na Inter Star kuruyu wa kane ku kibuga umuganwa Rudoviko Rwagasore.

Umugwi wa Vital’O FC urabandanya ukina inkino za kivandimwe mukwitegurira neza urukino rwa Coupe de la Conféderation ruzoyihuza na New Star De Douala wo muri Cameroun. inyuma yogutsinda BS Dynamik ibitsindo 5-2 uyo mugwi wabandanije ukina inkino zakivandimwe aho kuruyu wa gatatu ku kibuga Urukundo mu ntara ya Ngozi, Vital’O FC murundi rukino rwakivandimwe watsinzwe ibitsindo bitatu kubusa (3-0) n’umugwi wa Messager Ngozi FC nawonyene uzoserukira igihugu c’Uburundi muri CAF Champions League ukazohura n’umugwi wa Ismaily wo muri Misiri. Ibitsindo vya Messager Ngozi  vyinjijwe na Olivier Bayizere, Nizigiyimana Ismaïl hamwe na Fataki Alï Intelligent. Mwomenyako Messager Ngozi FC uje gutsinda Vital’O FC inyuma yaho utsindiye Musongati FC iwayo ku kibuga Ingoma ibitsindo 4-1 hari mumpera zino ndwi. Vital’O FC yiteguriye kandi urundi rukino rwakivandimwe rugiye kuwuhuza na Inter Star kuruyu wa kane ku kibuga umuganwa Rudoviko Rwagasore igihe c’isaha 15h00 amasaha yahano iwacu.

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Only Abanywanyi bonyene nibo barekuriwe kwandika ivyiyumviro vyabo hano.

Shares