#Burundi #Kenya : Justin Ndikumana Yasinye Amasezerano Yo Gukinira Sofapaka FC.

Sofapaka FC ubaye umugwi ugira gatanu Justin Ndikumana agiye gukinira.

Umunyegori w’umurundi w’imyaka 25 asanzwe ar’umunyegori agira kabiri mu mugwi nserukira gihugu Intamba murugamba, Justin Ndikumana yahavuye ava mu mugwi wiwe FC St Eloi Lupopo wo muri Lubumbashi muri Congo akaba yasinye amasezerano y’imyaka ibiri yo gukinira umugwi wa Sofoapaka FC wo mucicaro ca mbere mugihugu ca Kenya. Kuruyu wa kane mu masaha y’ijoro niho vyagiye ahona ko uyo munyegori yasinye muruyo mugwi.

Sofapaka FC ubaye umugwi ugira gatanu Justin Ndikumana agiye gukinira, amaze guca mu migwi ibiri yo mu Burundi, Prince Louis FC hamwe na Vital’O FC mugihe muri Congo naho yaciye muri  OC Muungano FC hamwe na St Eloi Lupopo FC.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: