#Burundi: Rumonge, Amazu 40 Yarasenyutse Mu Mvura Idasanzwe Yaguye Mu gisagara Ca Rumonge Ku Muhingamo Wo Kuri Uyu Wa Kane.

Ngo mu micungararo ya muri Mugerangabo umufurege munini uca hagati mu gisagara ca Rumonge uwo nawo ukaba wari warengewe n’amazi y’imvura. Mu gitondo co kuri uyu wa gatano kwegeranya amabati abari bakiyabona kuko ibindi ataco baribasigaranye nico kigorwa cariko kirakorwa n’abenegihugu bo mu Rumonge aho Buramatari w’intara ya Rumonge na Musitanteri Célestin NITANGA na Juvénal BIGIRIMANA bahavuye bari ku kivi baraba ivyononekaye kugira batere akamo abashobora gufasha banyaruke.

Amazu yababa 40 yarasenyutse ivyarimwo biratwarwa n’ibindi nk’ibitungwa bipfira musi y’ibibomoka. Imiringoti ya Regideso irameneka ni mu mvura idasanzwe yaguye mu gisagara ca Rumonge igihe c’isaha zitandatu zirenga gushika isaha umunani zirenga, ku muhingamo wo kuri uyu wa kane.

Inkuru dukesha bagenzi bacu bo kuri Izere Fm zivuga ko uturaro twatuma haba imigenderanire hagati ya Gihwanya na Nyakara twasambutse rwose hamwe biboneka yuko hazokorwa inguvu nyinshi kugira ivyo biraro bishobore kubandanya bikora.

Ngo mu micungararo ya muri Mugerangabo  umufurege munini uca hagati mu gisagara ca Rumonge uwo nawo ukaba wari warengewe n’amazi y’imvura. Mu gitondo co kuri uyu wa gatano kwegeranya amabati abari bakiyabona kuko ibindi ataco baribasigaranye nico kigorwa cariko kirakorwa n’abenegihugu bo mu Rumonge aho Buramatari w’intara ya Rumonge na Musitanteri Célestin NITANGA na Juvénal BIGIRIMANA  bahavuye bari ku kivi baraba ivyononekaye kugira batere akamo abashobora gufasha banyaruke.

Umwe mu benegihugu yahuye niyo nsanganya amenyesha yuko impuzu ziwe zose zatwawe, impapuro, ngo nta nakimwe yarokoye. Avuga kandi ko hari inkoko, imbata, impene, intama vyapfuye biguweko n’impome z’inzu hamwe n’ibidandazwa vyo mu ma boutiques.

Aba banyagihugu bo mu Rumonge  bagasaba ko ivyo bibanza bipimwa mu maguru masha kugira ntibafatwe n’indwara zifatiye kw’isuku na rirya amazi yaciye acika kuva isaha 4.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: