#Kenya: Umuririmvyi Rose Muhando ngo Yafashwe n’amadayimoni Amubuza Gukorera Imana.

Rose Muhando, w'imyaka 42 yamavuka, yari amaze amezi ashika kuri 3 ataboneka mu hira iwiwe kubera amadayimoni yamwomoye, arangara aja kure y'umuryango wiwe. Rose Muhando aranavuga ko yananiwe no kurihira abana amahera y'ishure.

Photo: Rose Muhando / ZUMI Kenya.

Nkuko tubikesha ibinyamakuru bitandukanye vyo mu gihugu ca Kenya bivugwako Rose Muhando, umuririmvyi rurangiranwa w’umu Tanzaniya yafashwe n’amadayimoni atuma yomokera mu gisagara ca Nairobi arata amatunga yiwe n’umuryango wiwe muri Tanzaniya.

Muma sanamu yagiye ahabona ku mbuga ngurukana bumenyi, biboneka ko Rose Muhando yari mu Rusengero « Neno Evangelism Centre » mu gisagara ca Nairobi ariko arasengegwa n’umuvugabutumwa rurangiranwa Musenyeri James Ng’ang’a. Mugihe Musenyeri James Ng’ang’a yariko arasengera umuririmvyi Rose Muhando kugira ngo amadayimoni yari amuboshe amuvemwo, bigaragara yuko Rose Muhando yariko arakumbagara hasi amadayimoni amuvugiramwo kandi asigura icatumwe amutera n’wayatumye ngo amutere gushika aho ubuzima bwiwe buhinduka ubuteyi ikigongwe ku bantu bari basanzwe bamuzi kandi bamwubahira umwuga wiwe wo gukorera Imana mu ndirimbo.

Rose Muhando, w’imyaka 42 yamavuka, yari amaze amezi ashika kuri 3 ataboneka mu hira iwiwe kubera amadayimoni yamwomoye, arangara aja kure y’umuryango wiwe. Rose Muhando aranavuga ko yananiwe no kurihira abana amahera y’ishure. Arongera aravuga Rose ko umuyobozi wiwe w’indirimbo ariwe ashaka kumwica kugira amusubirize n’uwundi mukobwa mu mwuga wo kuririmbira Imana.

Mwomenya kandi ko uwo muririmyi Rose Muhando amaze igihe gitari gito yisanga ari mu bibazo bitandukanye aho binavugwa ko, mu myika itatu iheze, yoba yarakoroye inda yarimaze kugira imezi ashika kuri 7 ariko Rose Muhando, we, gushika uno musi abandanya abihakana ko atarivyo ivyo vyo gukorora inda abishatse, avuga ko inda yiwe yakorotse kubera yari afise ibibazo vy’indwara.

« Nk’umuntu uzi Imana kandi utinya Imana ukongera ugakorera Imana, uba uzi ko kwica ari icaha, kandi no gukorora inda ari icaha, » nikwo Rose Muhando yishuye igihe yariko yisigura kuvyamushikiye igihe inda yiwe yari ikuze yakoroka.

Ubuzima mwa Rose Muhando bwahuye n’amageragezwa menshi muriy’imyaka ishize kuko kenshi yisanze ari mu makuru y’ibinyamakuru bitandukanye kubera ibintu bitangaje biguma biba mu buzima bwiwe mugihe abantu bari bamwitezemwo ingendo n’ibikogwa vyiza nk’umuntu akorera Imana kandi akongera akigisha ibijanye n’agakiza mu ndirimbo ziwe zihayagiza Imana.

Biravugwa yuko ikigo kijejwe gucungera no gufasha abaririmvyi bari mu bihe bigoye co muri Tanzaniya coba camutumyeko kugira aje i Dar Es Salaam bamufashe mu kuronka infashanyo zibereye muri bino bihe bitoroshe arimwo. Ivyo babikora mu ntumbero kugira ngo barabe ko yokira hanyuma ngo asubire mu mirimo yiwe ya misi yose abantu benshi basanzwe bamukundira.

JMT Newsdesk

JOURNAL MAGARA TIMES - Amakuru mu Kirundi (JMT-Kirundi). | Email: info@rn.magaratimes.com - Twitter: @JMTKirundi - Instagram: JournalMagaraTimes - Facebook: @JournalMagaraTimes - Tumblr: journalmagaratimes.tumblr.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Only Abanywanyi bonyene nibo barekuriwe kwandika ivyiyumviro vyabo hano.

Shares