#Burundi #CAF: Messager Ngozi FC Watsindiwe Muhira, Vital’O FC Inganyiriza Hanze.

Messager Ngozi FC wavyitwayemwo nabi mugutsindirwa muhira uwundi ariwo Vital'O FC uvyitwaramwo neza mukunganyiriza hanze y'igihugu.

Imigwi yaserukiye Uburundi mu nkino z’imigwi yabaye iyambere mumahiganwa yo mubihugu vyabo muri Afrika (CAF Champions League) hamwe n’imigwi yatahukanye ibikombe vyo mubihugu vyabo (Confederation Cup) umwe ariwo Messager Ngozi FC wavyitwayemwo nabi mugutsindirwa muhira uwundi ariwo Vital’O FC uvyitwaramwo neza mukunganyiriza hanze y’igihugu.

Kuruyu wa gatatu ku kibuga Urukundo mu ntara ya Ngozi, Umugwi wa Messager Ngozi FC wahatsindiwe kimwe ku busa (0-1) n’umugwi wa Ismaily Sporting Club wo muri Misiri murukino rwa mbere rwa  CAF Champions League. Tarik Taha niwe yahaye amanota atatu Ismaily biturutse kugitsindo yinjije ku munota wa 55 w’urukino.

Vital’O FC nawo muri confederation Cup wari wagendeye New Star De Douala uvyifatamwo neza mugukura inota rimwe murico gihugu ca Cameroun unganije ubusa ku bundi (0-0).

Inkino zogusubiriza n’imyuma y’indwi imwe gusa aho Messager Ngozi FC uzofata urugendo ugana muri Misiri, Vital’O FC nawo ukazokwakira New Star De Douala i Bujumbura.

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Only Abanywanyi bonyene nibo barekuriwe kwandika ivyiyumviro vyabo hano.

Shares