#Burundi: Abanyagihugu Bose Bafise Imyaka Iri Hagati y’Umwaka 1 n’imyaka 29 basabwa kwitabira Urucanco Rwa Mugiga Ruzoba Mu Gihugu cose.

Ngo abo bantu rero bazoronswa urwo rucanco n’abantu bababa imilioni 7.998.903.

copyrigtPPB

Abanyagihugu bose bafise imyaka iri hagati y’umwaka 1 n’imyaka 29 basabwa kwitabira urucanco rwa mugiga ruzoba mu gihugu cose. Ivyo bikaba vyashikirirjwe kuri uyu wa 4 na muganga Olivier NIJIMBERE ajejwe umugambi wagutse w’igihugu mu bijanye n’icanco mu kiganiro ku bamenyeshamakuru.

Olivier NIJIMBERE amenyesha yuko ubushikiranganji bwo ku bungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida bwaratunganije isekeza ryo kurwanya indwara ya mugiga rizoba kuva igenekerezo rya 4 gushika irya 13 Kigarama uno mwaka wa 2018.

Olivier NIJIMBERE asaba abo basanzwe bafashanya ko bobafasha guhimiriza kugira ngo ihangiro bihaye bazorishikeko : gutanga urucanco ku bantu bose bafise hagati y’umwaka gushika ku myika 29. Ngo abo bantu rero bazoronswa urwo rucanco n’abantu bababa imilioni 7.998.903.

Ngo icufuzo bafise nuko bose bokwitabira kugira ngo ubwo bushikiranganji bushobore gukinga iyi ndwara ya mugiga bwongere bukingire amagara y’abenegihugu.

Olivier NIJIMBERE yarangije amenyesha yuko urwo rucanco ruzotangwa n’abaforoma basanzwe bakora mu mavuriro atandukanye ari mu gihugu bize n’ivy’ubuvuzi kandi baronse inyigisho kugira ngo urwo rucanco ruzogende neza.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: