#Burundi: Kugwanya Umugera Wa Sida Bigeze Ku Ntambwe Ishimishije Mu Burundi.

Richard MANIRAKIZA amenyesha yuko bafatiye ku cigwa cakozwe mu 2007 ngo urugero rw’abanduye rwari ku 3,7 kw’ijana. Ngo haheze imyaka itatu harabaye ikindi cigwa urwo rugero rwari rumaze gushika kuri 1,4 kw’ijana. Icigwa naco cakozwe mu mwaka uheze ngo cerekana yuko urugero rw’abanduye umugera wa sida muri rusangi ari 0,9 kw’ijana.

copyright@akezanet

Ukugwanya umugera wa sida bigeze ku ntambwe ishimishije mu Burundi. Ivyo bishikirizwa n’icegera c’uwurongoye umugambi w’igihugu wo kurwanya umugera wa Sida mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu. Hari kuri uyu wa gatatu mu kiganiro ku bamenyesha makuru.

Richard MANIRAKIZA ashikiriza  yuko igihugu c’uburundi  gishimishwa n’intambwe kigezeko mu kurwanya ikiza ruhonyanganda Sida.

Richard MANIRAKIZA amenyesha yuko bafatiye ku cigwa cakozwe mu 2007 ngo urugero rw’abanduye rwari ku 3,7 kw’ijana. Ngo haheze imyaka itatu harabaye ikindi cigwa urwo rugero rwari rumaze gushika kuri 1,4 kw’ijana. Icigwa naco cakozwe mu mwaka uheze ngo cerekana yuko urugero rw’abanduye umugera wa sida muri rusangi ari 0,9 kw’ijana.

Richard MANIRAKIZA agashikiriza yuko naho urugero bw’abanduye muri rusangi ruri musi ya 1 kw’ijana , ko ata n’umwe yokwijajara kubera hakiriho imigwi y’abenegihugu yandura kurusha abandi nk’abadandaza umubiri n’abanywa ibiyayura mutwe. Ngo muri rusangi abantu baba mu bisagara bakwiye kuzikenyera zikaguma kuko mu bisagara haracari ibiharuro biri hejuru uravye urugero rugeze ko mu mitumba

Richard MANIRAKIZA amenyesha kandi yuko urugero rw’abandura baba benshi mu bakenyezi n’abigeme gusumvya mu bahungu n’abagabo.

Richard yarangije amenyesha yuko bagiye gushira inguvu nyinshi mu guhimiriza abenegihugu kwijukira kwipimisha kugira ngo bamenye amagara yabo  ingene ameze hanyuma uwusanzwe arwaye agakurikiranwa kwa muganga  ngo muri iyo ntumbero abandura bazoba bake.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: