#Burundi: Cédric Amissi Yaratsinze Igitsindo, Berahino Ntiyakinye, Bigirimana Nawe Yaragombowe.

Abakinyi ba barundi basanzwe bakinira hanze y'igihugu cacu Amissi Cédrick niwe yavyitwayemwo neza murino ndwi.

Uku niko abakinyi ba barundi basanzwe bakina hanze y’igihugu c’uburundi bavyitwayemwo mumahiganwa basanzwe bakinamwo. Umukukinyi Cédric Amissi asanzwe akinira mugihugu c’Arabie Saoudite mumugwi waAlTawoon niwe twovugako yavyitwayemwo neza gusumba abandi kuko mu bitsindo 2-0 Al Tawoon yatsinze Al Fateh SC igitsindo ca mbere niwe yacinjije hari ku munota wa mirongo ibiri n’akabiri wurukino.

Mugihugu c’Ubwongereza naho ahasanzwe hakinira  Saido Berahino muri Championship mu mugwi  Stoky City, murukino umugwi wiwe wanganije na Reading (2-2) umumenyerezawa wiwe Gary Rowett ntiyamuhaye akaryo ko kuja mukibuga n’umusogenda umwe kiretse ko yari mubasubirira abandi.

Gael Bigirimana nawe, umugwi wiwe wa Motherwell ntivyagenze  kuruyu wa gatandatu , umugwi wiwe waratsinzwe na Livingston ibitsindo 2-0 ndetse uyo mukinyi wo hagati w’intamba mu rugamba yaragombowe ku munota wa 46′ n’umukinyi Alex Gorrin.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: