#Burundi #CoupeDuPrésident: Uku Niko Imigwi Izohura Mugikombe Citiriwe Umukuru W’Igihugu.

Muri zino nkino za mbere nta mugwi wo mucicaro ca mbere wahuye nuyundi nkuko tubisoma kukiranga misi cizo nkino kiretse ko Volontaire FC wo mu Kanyosha usanzwe ukina icicaro ca kabiri ariwo uzohura na Santé FC de Ngozi wo murico cicaro nyene.

Kuruyu w’imana muri Hotel Nonora habaye amatora yogucagura uko imigwi izohura mugikombe citiriwe umukuru w’igihugu (Coupe Du Président) muruno mwaka 2018-2019. Imigwi 64 yaba iyo mucicaro ca mbere Primus Ligue Burundi, iyo mucicaro ca kabiri Ligue B hamwe n’imigwi yo mu ntara niyo yiyandikishije kugira ngo izokwitabire ico gikombe gitanga uburengazira k’umugwi ugitsindiye guca userukira Uburundi muri Coupe de la Confédération muri Afrika. Inkino 34 nizo zitegekanijwe kuzokinwa  muvyo gukurakuranamwo.  Igikombe c’uno mwaka kigira 10 mugihe ico mu mwaka uheze catahukanye umugwi wa Vital’O FC watsinze Delta Star murukino rwa nyuma 3-1.  Muri zino nkino za mbere nta mugwi wo mucicaro ca mbere wahuye nuyundi nkuko tubisoma kukiranga misi cizo nkino kiretse ko Volontaire FC wo mu Kanyosha usanzwe ukina icicaro ca kabiri ariwo uzohura na Santé FC de Ngozi wo murico cicaro nyene.

Muri rusangi uku niko imigwi izohura:

 

Amatariki izo nkino zizoberako hamwe n’ibibuga zizokinirwako bizomenyeshwa hanyuma.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: