#Burundi #Gitega : Nduwayo Fadhili Yasinye Amasezerano Yo Gukinira Musongati FC.

Fadhili yakiniye Flambeau Du Centre ikiringo kitarigito kuva ukiri mu cicaro ca gatatu hari muri 2014, gushika muri Primus Ligue Burndi icicaro ca mbere.

Kuruyu wa kabiri  niho, umugwi wa Musongati FC wasinyishije kumugaragaro umukinyi wo hagati, Nduwayo Fadhili yahora mu mugwi basanzwe bakebana cane wo ngaho nyene i Gitega, Flambeau Du Centre, amasezerano azomara igice ca kabiri  c’inkino za Primus Ligue Burundi (Phase Aller).

Flambeau Du Centre ntiyakinishije mugice ca mbere c’ihiganwa rya Primus Ligue Burundi Nduwayo Fadhili biturutse kukutumvikana kubijanye n’amafaranga hagati yuwo mugwi hamwe nuyo mukinyi.

Mwomenyako Fadhili yakiniye Flambeau Du Centre ikiringo kitarigito kuva ukiri mu cicaro ca gatatu hari muri 2014, gushika muri Primus Ligue Burndi icicaro ca mbere.

Kuva agitangura gukina umupirwa wa maguru, Musongati FC ubaye umugwi wiwe ugira kane kuko yatanguriye muri Boundes FC wo mu Rumonge hamwe na Messager Rumonge FC hamwe na Flambeau Du Centre aheruka kuwuvamwo.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: