#Burundi #PrimusLigue: Uku Niko Imigwi Yatsindanye Mu Ndwi Ya 16.

Musongati FC wagiye gutsindira i Muyinga umugwi wa Olympic Star (1-3), Athletico Olympic nawo uronkera intsinzi i Gitega y'igitsindo kimwe ku busa (0-1).

Mumpera zino ndwi ihiganwa ryo mucicaro ca mbere Primus Ligue Burundi ryarabandanije aho ryari ryinjiye mu ndwi yaryo igira 16, inkino 6 nizo zakinywe, imigwi yigaragaje cane gusumba iyindi murino ndwi n’umugwi wa Musongati FC wagiye gutsindira i Muyinga umugwi wa Olympic Star (1-3), Athletico Olympic nawo uronkera intsinzi i Gitega y’igitsindo kimwe ku busa (0-1) bwa Flambeau Du Centre hama Bumamuru FC ugenda kwigaragariza hariya i Ngozi mu gutsinda Ngozi city igitsindo kimwe ku busa (0-1).

 

Muri rusangi inkino zose zagenze uku gukurikira:

LLB 0-0 Buja City

Les Lierres FC 2-2 Kayanza United

Flambeau Du Centre 1-0 Athletico Olympic

Ngozi City 0-1 Bumamuru FC

Flambeau De L’est 1-0 Messager Bujumbura

Olympic Star 1-3 Musongati FC

Izindi nkino zibiri zikaba zungururijwe kumvo zoguha akanya gakwiye ko kwitegurira inkino zo gusubiriza muri Coupe de la Confédération na CAF Champions Ligue imigwi Messager Ngozi FC na Vital’O FC. Mukamenyako Messager Ngozi FC yari guhura na Rukinzo FC, Vital’O FC nayo igahura na Aigle Noir.

 

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: