#Burundi: Kuri Uyu Wa 2 Igenekerezo Rya 4 Niho Hatanguzwa Mu Gihugu Cose Urucanco Rwo Gukinga Indwara Ya Mugiga.

copyright@facebook

Kuri uyu wa 2 igenekerezo rya 4 ukwezi kwa 12 niho hatanguzwa  mu gihugu cose urucanco rwo gukinga indwara ya mugiga. Ku rwego rw’igihugu isekeza ryatangujwe muri komine Rutegama mu ntara ya Muramvya n’umushikiranganji wa magara y’abantu no kurwanya ikiza Sida, Docteur NDIKUMANA Thadée.

Mu gisagara ca Bujumbure hamwe ku mavuriro twaciye nko muri komine Muha nko kw’ivuriro rya CMCK riri mu Kibenga, ivyo bikorwa bikaba vyari vyatanguye igihe c’isaha zitatu mu gatondo. Bikaboneka ariko ko abavyitaba batari benshi.

Igihe c’isaha 3 mu gatondo hari ibikorwa vyo kwandika ku ma fiches abaje kwiteza urwo rucanco. Abo twavuganye bamenyesha yuko baje kwiteza urwo rucanco ku neza ya magara yabo. Umwe muri abo akaba amenyesha yuko yashimye kuzana umwana wiwe kuko yumvise ko indwara ya mugiga yica nabi kandi ko ari indwara yandukira.

Kuri centre de santé Rukundo iri mu kanyosha naho nyene hari abantu bakeyi igihe c’isaha 4 n’inusu ariko ibikorwa vyari vyatanguye. Umuvyeyi twahasanze akamenyesha ko urucanco rufise akamaro kanini ku bana ninaco catumye abajana kubacandagisha.

Uwurongoye quartier ya Kanyosha akamenyesha ko bariko barahimiriza abafise imyaka iri hagati y’umwaka 1 na 29  kwitaba iryo sekeza. Igikorwa bafise ngo baja ku nzu ku nzu  bahimiriza kugira abafise iyo myaka bitabe ako kamo.

Tubamenyeshe yuko iryo sekeza rikazorangira ku musi wa kane igenekerezo rya13 za kuno kwezi.

  • 2
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
    2
    Shares
  •  
    2
    Shares
  • 2
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  

About Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

Check Also

Coupe du Président: Flambeau Du Centre, Musongati FC, Bumamuru FC na Vital’O FC vyagenze neza mu nkino za mbere.

Imirwi ya Flambeau Du Centre, Musongati FC, Bumamuru FC na Vital’O FC yavyifashemwo neza mu …

- Sponsored Advertisement -