#Europe #BallonDor: Antoine Griezmann Niwe Yari Gutsindira Umupira W’inzahabu Iyobarabira Kurici Kintu!

Luka Modric umukinyi wo hagati wa Real Madrid ntiyari kuba uwambere, imbere ya Antoine Griezmann iyo bafatira ku majwi gusa y'abamenyesha makuru bayamahiganwa 5 akomeye cane kw'isi.

Inyuma yo gutorwa nk’umukinyi yigenjeje newa gusumba abandi ndetse arahabwa agashimwe k’umupira w’inzahabu (Ballon D’or) ngo Luka Modric umukinyi wo hagati wa Real Madrid ntiyari kuba uwambere, imbere ya Antoine Griezmann iyo bafatira ku majwi gusa y’abamenyesha makuru bayamahiganwa 5 akomeye cane kw’isi (Espagne, Angleterre, Italie, Allemagne na France) wongeyeko n’ihiganwa ryo muri Brézil na Argentine. Nkuko tubisoma kuri Maxifoot ikinyamakuru c’abafaransa.

Ico kinyamakuru ca bafaransa nyene kivuga ivyo gifatiye ko Antoine Griezmann ariwe yatowe mukibanza ca mbere n’abamenyesha makuru bo mumahiganwa ryo Mubudagi, Espagne, Argentine no mu Butariyano. Mubamenyesha makuru 180 bo murayo mahiganwa baratoye uku gukurukira:

1. Antoine Griezmann (32 pts)

2. Luka Modric (28 pts)

3. Cristiano Ronaldo (20 pts)

4. Kylian Mbappé (12 pts)

5. Lionel Messi (9 pts)

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: