# Burundi: Ibisikanya Hagati Yabahora Bagize Umurwi Ujejwe Ukuri No Kunywanisha Abarundi Hamwe n’Abandi Bashasha 13 Kuri Uyu Wa 4.

Ngo ubutumwa igihugu caraye kibashikirije si akazi, ngo nta n’impembo yako iriho n’ubutumwa bwo kwitanga bwo gukorera igihugu.

Kuri uyu wa kane habaye ibisikanya hagati yabahora bagize umurwi ujejwe ukuri no kunywanisha abarundi hamwe n’abandi bashasha 13 baherutswe gutorwa n’inama Nshingamateka na Nkenguzamateka.

Pierre Claver NDAYICARIYE aramutswa uwo murwi akavuga ko kuba mu mugwi atari akazi ari ubutumwa, akavuga kandi ko uyu mugwi mushasha uhiriwe kuko ushikiye ahantu heza hari ibikorwa vyari bimaze kurangurwa.

Ngo ubutumwa igihugu caraye kibashikirije si akazi, ngo nta n’impembo yako iriho n’ubutumwa bwo kwitanga bwo gukorera igihugu.

Pierre Claver NDAYICARIYE amenyesha yuko igihugu cabashize muri ayo mabanga arico bagiye gukorera. Ngo bazokorana n’abarundi n’uburundi, hanyuma ivyo bakora bagerageze kuza barabimenyesha abarundi bose kuva ku ntego z’intango gushika ku nzego zo hejuru.

Kubijanye n’ikiringo c’imyaka 4 babahaye kandi ikiringo congerejwe, Pierre Claver avuga ko mu myaka ine hari ishaka, hari uburyo, abarundi baterereye, abantu bokora ibitari bike

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: