#Burundi #PrimusLigue: Uku Niko Inkino Zitegekanijwe Mu Ndwi Ya 17.

Vital'O FC wasezerewe muri Coupe de la Confédération uzoba uramutse ugendeye umugwi wa Flambeau Du Centre wa hariya mu ntara ya Gitega ku kibuga Ingoma, Ku kibuga Urumuri mu ntara ya Ruyigi, Aigle Noir uzokwakirirayo Bujumbura City.

Mumpera zino ndwi ihiganwa rya Primus Ligue Burundi rizobandanya ahorizoba ryinjiye mundwi yaryo ya 17, Inkino umunani nizo zitegekanijwe gukinwa. Vital’O FC wasezerewe muri Coupe de la Confédération uzoba uramutse ugendeye umugwi wa Flambeau Du Centre wa hariya mu ntara ya Gitega ku kibuga Ingoma, Ku kibuga Urumuri mu ntara ya Ruyigi, Aigle Noir uzokwakirirayo Bujumbura City, Mugihe inyuma yogutsinda Olympic Star 3-1, Musongati FC uzoba wasubiriye kugendera Les Lierres FC ku kibuga umuganwa Rudoviko Rwagasore.

Muri rusangi uku niko imigwi yose izohura kubibuga bitandukanye.

Kuruyu wa gatandatu itariki 08/12/2018:

13H30 PLR: Les Lierres FC vs Musongati FC
16H00: Bumamuru FC vs Olympic Star
15H00 Stade Urukundo: Ngozi City vs Flambeau De L’est.
15H00 Stade Urumuri: Aigle Noir vs Bujumbura City.

Kuruyu w’Imana itariki 09/12/2019:

13H30 PLR: Messager Bujumbura vs Lydia Ludic.
16H00 PLR: Athletico Olympic vs Rukinzo FC
15H00 Stade Ingoma: Flambeau Du Centre vs Vital’O FC
15H00 Stade Urukundo: Kayanza United vs Messager Ngozi FC.

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: