#Burundi #ArabieSaoudité: Aladalah Club Wasinyishije Ndikumana Yamin Seleman.

Kuri uyu wa kabiri niho uyo mukinyi wa kera w’Al Messaimeer, yasinye amasezeano yo gukinira uyo mugwi.

Inyuma yo kumara ikiringo kitari gito ata mugwi afise, Ndikumana Yamin Seleman, kizigenza w’Intamba mu rugamba yasenye amasezerano yo gukinira umugwi wo mucicaro ca kabiri wo mugihugu c’Arabie Saoudité Aladalah Club, nkuko tubisanga kuri Facebook yiwe, ariko ikiringo yasinye muruyo mugwi nticamenyeshejwe.

Kuri uyu wa kabiri niho uyo mukinyi wa kera w’Al Messaimeer, yasinye amasezeano yo gukinira uyo mugwi ndetse uciye uba umugwi wiwe ugira 13 agiye gukinira. Amaze guca mu migwi nka, Cadet Buyenzi umugwi wamureze hama Vital’O FC, Simba SC, Inter Star, APR, Al Merreikh, Mold FK, Lièrse SK, Shenzhen Ruby, FK Tirana, Primero d’Agosto et Al Messaimeer.

 

 

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: