#Burundi: Gitega, Inama Nkenguzamateka Mu Birori Vyo Guhimiriza Kurwanya Inda Z’indaro Mu Mashure.

Umukuru w'Inama Nkenguzamateka Révérien NDIKURIYO yashimiye cane abarongoye amashure bitanze cane mu kugabanya bivuye inyuma ibitigiri vy'abanyeshure batwara inda.

Kuri uyu wa gatatu, igenekerezo rya 12 Kigarama, Inama Nkenguzamateka ifadikanije n’ishirahamwe UNFPA ryatunganije ibirori vyo guhimiriza kurwanya inda z’indaro mu mashure.

Ivyo bikaba vyabereye mu ntara ya Gitega aho umukuru w’Inama Nkenguzamateka Révérien NDIKURIYO yashimiye cane abarongoye amashure bitanze cane mu kugabanya bivuye inyuma ibitigiri vy’abanyeshure batwara inda.

Muri ivyo birori hakaba hatanzwe ubushimwe ku ma DCE n’ama DPE yarushije ayandi mu kugabanya inda z’indaro mu mashure.

Uwuserukira UNFPA mu Burundi, Dr Richmond TIEMOKO akaba yavuze ko ishirahamwe arongoye ryishinze guteza imbere agateka k’umwigeme mu myaka itanu iri imbere.

 

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: