#Burundi #LesLierresFC: Ehe Inyishu Vivier Bahati Yishuye Abasongati.

Vivier Bahati yavuye mugacerere yishura abakunzi ba Musongati FC ko bitokunda ko agaruka muruyo mugwi ubu.

Mugihe umugwi wa Musongati FC uherutse gutakaza umumenyereza wayo, Nahimana Hussein Welo ava muruyo mugwi yisubirira i Muyinga muri Olympic Star iyo yaje ava, ivyo vyaranezereye cane abakunzi buyo mugwi ariko bitera umubabaro abakunzi ba Musongati FC kuburyo nabo berekanye ivyipfuzo vyabo ko ivyo bibayeko aba Olympic Star nabo vyobabako basubira kubona, uwahoze ari umumenyereza wabo, Vivier Bahati aramutswa kino gihe umugwi wa Les Lierres FC agaruka muri Musongati FC.

Kumbuga gurukana bumenyi za WhatsApp zitandukanye uyo mumenyereza asanzwe ahurikiyemwo nabo bakunzi yahavuye ava mugacerere arabishura  adakekeranije ko bitoshoboka ko agaruka muri kino gihe. Vivier Bahati yagize gutya:

« Ntivyokunda ko ndawugarukamwo ubu kuko ndacafitaniye amasezerano na Les Lierres FC »

Imbere yo kuza mu mugwi wa Les Lierres FC yari muri Musongati FC aho amasezerano yiwe yarangiye hama ntiyayongerejwe.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Only Abanywanyi bonyene nibo barekuriwe kwandika ivyiyumviro vyabo hano.

Shares