#Europe #UEFA: Imigwi Yaronse Uburenganzira Bwokuja Mugice 8 Muri Champions League.

Manchester City, Liverpool, Tottenham na Manchester United niyo migwi yo mubwongereza yaronse uburenganzira bwo kubandanya mugice gikurikira.

Inyuma yo gukwiza inkino 6 zo mumatsinda buri umugwi, iyi niyo migwi yatahukanye ibibanza vya mbere n’ivya kabiri mu matsinda yayo ikaba ariyo izokina igice c’umunani gishira icanyuma hamwe niyindi umunani yafashe ibibanza vya gatatu nayo ikazoca ijanwa muri Europa League.

Imigwi yaronse uburenganzira bwo kubanda iri mukibanza ca mbere : Paris St Germain, FC Barcelone, Borussia Dortmund, FC Porto, Real Madrid, Manchester City, Bayern Munich, Juventus Turin.

 Imigwi yaronse uburenganzira bwo kubanda iri mukibanza ca kabiri   : Atletico Madrid, Tottenham, Liverpool, Schalke 04, AS Roma, Lyon, Ajax Amsterdam, Manchester United.

Imigwi yaronse uburenganzira bwo kuja muri Europa Ligue: Club Bruges, Inter Milan, Naples, Galatasaray, Benfica, Shakhtar Donetsk, Viktoria Plzen, Valence.

Itombora yuko imigwi izohura rikaba ritegekanijwe kuruyu wa mbere igihe c’isaha 12h amasaha mpuzamakungu.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: