#Burundi: Kwigisha Indimi Zine Guhera Mu Mwaka Wa Mbere w’Ishure Nshingiro Biratuma Umwana Adatera Imbere Neza Muvy’Ubumenyi.

Mu mwaka wa mbere hazokwigishwa kwandika ikirundi no kuvuga igifaransa. Mu mwaka wa kabiri hazoca hatangura kwigishwa kwandika igifaransa. Mu mwaka wa gatatu hazotangura kwigishwa kuvuga icongereza hanyuma kucandika bihere mwaka wa gatanu.

Ukwigisha indimi zine igifaransa, ikirundi, igiswahili, n’icongereza guhera mu mwaka wa mbere w’ishure ngo biratuma umwana adatera imbere neza muvy’ubumenyi. Inama nshikiranganji ikaba iherutse kwemeza ko hari intambamyi zikomeye mu kwigisha  izo ndimi mu bice bitatu vya mbere vy’ishure nshingiro.

Prosper NTAHOGWAMIYE, umunyamabanga mukuru wa leta akaba n’umuvugizi wayo avuga ko izo ntambamyi ari ubumenyi buke bw’abigisha mu ndimi z’icongereza n’igiswahili, ukugene abigisha bataba bararonkejwe inyigisho zibategurira kwigisha izo ndimi, indimi mvamahanga zihurira ku mwana akiri muto haba mu kuzivuga no mu kuzandika bigaca bimuzazanira, umwanya muto wo kwiga ururimi rw’ikirundi n’igifaransa kuko umwanya wo gukomeza izo ndimi zibiri uca ugaburwa n’indimi zine.

Prosper NTAHOGWAMIYE amenyesha yuko kubera izo mvo, iyo nteguro irashikiriza ingene izo ndimi zine zokwigishwa.

Ngo mu mwaka wa mbere hazokwigishwa kwandika ikirundi no kuvuga igifaransa. Mu mwaka wa kabiri hazoca hatangura kwigishwa kwandika igifaransa. Mu mwaka wa gatatu hazotangura kwigishwa kuvuga icongereza hanyuma kucandika bihere mwaka wa gatanu. Mu mwaka wa gatanu hazotangura kwigishwa kuvuga igiswahili, ukucandika bitangurire mu mwaka wa gatandatu. Guhera mu mwaka wa kane ikirundi n’igifaransa bizobangikanwa mu kwigisha ibiharuro n’ibijanye n’ubuhinga bimwe bita mu gifaransa ″sciences et technologies″mu gutegura umunyeshure kuvyiga mu gifaransa kuva mu mwaka wa gatanu.

Prosper NTAHORWAMIYE amenyesha yuko abashikiranganji bamaze guhanana ivyiyumviro kuri iyo nteguro barayemeje, baraterera n’ivyiyumviro kugira ngo isubirwamwo ry’inyigisho rigende neza kuruta na cane cane basaba ko hotegekanywa ikiringo cotegura ukuva mu buryo bwo kwigisha bukoreshwa ubu hagatangura uburyo bushasha.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: