#Burundi: Abanyeshuri Biga Igice Ca kabiri c’Amashure Nshingiro y’Abigenga Batatoye Ikibazo c’Umwaka w’Icenda Ngo Nta Mpapuro z’Umutsindo Bazoronswa.

Juma Edouard amenyesha yuko abanyeshure bari mu myaka ya mbere n’iya kabiri yo mu bisatabitandukanye mu mashure nshingiro y’abigenga boba baragenda hakiri kare kwiyandikisha mu mashure y’imyuga nkuko amategeko y’ubushikiranganji abitegekanya.

Abanyeshuri biga igice ca kabiri c’amashure nshingiro y’abigenga batatoye ikibazo c’umwaka w’icenda ngo boba barakinjura bakaja mu mashure y’imyuga kuko ata mpapuro z’umutsindo bazoronswa. Ivyo vyashikirijwe n’umuvugizi w’ubushiikiranganji bw’indero mu kiganiro ku bamenyeshamakuru kuri uno wa gatatu. Juma Edouard avuga ko iyo ngingo rero iraba abanyeshure bose bazi yuko batamenye ikibazo ca leta kibaha uburenganzira bwo kuja kwiga mu bisata vyo mu mashure y’ubuhinga y’inyuma y’ishuri nshingiro. Ngo abo banyeshure bari mu myaka ya mbere n’iya kabiri yo mu bisata bitandukanye vyo mu mashure nshingiro y’abigenga boba baragenda hakiri kare kwiyandikisha mu mashure y’imyuga nkuko amategeko y’ubushikiranganji abitegekanya.

Edouard Juma amenyesha kandi yuko ubushikiranganji bw’indero n’inyigisho y’imyuga bwagomba gusaba kandi abayobozi b’amashure ko bokwisunga ibi bikurikira mu gutunganya amashure bajejwe: Ngo ubwa mbere gusuzuma ko ama dossiers y’abanyeshure na cane cane bashasha akwije ibisabwa n’amategeko. Ubwa kabiri gutanga ningoga ama dossiers y’abanyeshure bagiye kwiga mu yandi mashure. Ubwa gatatu kutigera bemerera ko abanyeshure bijanira ama dossiers ku mashure bagiye kwigako. Ubwa kane kudatanga urupapuro rw’umutsindo ku munyeshure wese dossier yiwe idakwije ibisabwa n’amategeko

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: