#Burundi: Ubu Nibwo Buhinga Bwakoreshejwe na Vital’O FC Mugutsinda Aigle Noir.

Ubuhinga rero n’umutima wabo niho umuntu yoburonderera kuko bari bihaye ihangiro ryo gutsinda uru rukino runo munsi.

Ishaka ry’abakinyi ba Vital’O FC hamwe no kumvisha imitima yabo ko bategerezwa gutsinda urwo rukino kubera ko bari bamaze iminsi batavyitwaramwo neza nivyo vyatumye batsinda Aigle Noir. Ivyo n’ibimwe m’uvyashikirijwe na Jean Gilbert Kanyenkore batazira « Yaoundé » amenyereza Vital’O FC hari inyuma yogutsinda umugwi wa Aigle Noir C.S ibitsindo bitatu kuri bibiri (3-2), hari kuruyu wa gatatu ku kibuga umuganwa Rudoviko Rwagasore murukino rw’ikirarane rw’indwi ya 16 ya Primus Ligue Burundi.

« Ubuhinga bwakoze n’abakinyi bari bamaze iminsi batitwara neza, kuva kurukino rwa New Star De Douala nabo ntibari banezerewe kubandanya batsindwa inkino. Ubuhinga rero n’umutima wabo niho umuntu yoburonderera kuko bari bihaye ihangiro ryo gutsinda uru rukino runo munsi.»

Kanyenkore yarangije yizeza abakunzi ba Vital’O FC ko umugwi wabo uzorangiza ihiganwa rya Primus Ligue Burundi mu bibanza vyiza.

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: