#Burundi: Bujumbura, Ibanki Nkuru y’Igihugu Yarafashe Ingingo Itariki 17 Kigarama Yo Kwugara Amashirahamwe Ane Yo Kuziganya No Kuguranana.
Ayo mashirahamwe nayo akaba ari TPO UMVA Microfinance, Microfinance ITEKA, Microfinace CFCAM DUSHIGIKIRANE hamwe na CCI ODAG.
Ibanki nkuru y’igihugu yarafashe ingingo itariki 17 za kuno kwezi yo kwugara amashirahamwe ane yo kuziganya no kuguranana ″microfinance″ mu rurimi rw’igifaransa.
Iyo ngingo yafashwe hisunzwe cane cane ingingo ya 99 igenga ibikorwa vy’amashirahamwe mwe nayo.
Ayo mashirahamwe nayo akaba ari TPO UMVA Microfinance, Microfinance ITEKA, Microfinace CFCAM DUSHIGIKIRANE hamwe na CCI ODAG.
Ngo ayo mashirahamwe ntagishoboye ivyo yiyemeje na cane cane ku mvo zitatu. Kuba ayo mashirahamwe aba atagihemba abakozi kubw’ibikorwa vyayo, kuba ibikorwa vyayo mashirahamwe vyarahagaze mu kiringo kiri hagati y’umwaka n’imyaka itatu hamwe no kuba afise ibirarane hagati y’umwaka n’imyaka itatu vy’amafaranga yabwirizwa gutanga ajanye no gukurikirana ibikorwa vyayo ivyo bita ″francs de supervision″ mu rurimi rw’igifaransa.
Ico ibanki y’igihugu isaba ayo mashirahamwe ni ukuraba ibikenewe kugira ngo yishure abo iheraniye. Abanywanyi baheraniye ayo mashirahamwe nabo bayishure.
0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!
Ivyiyumviro!
Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.