Mu kiganiro n’abunguruza abantu n’ibintu bahurikiye mu mashirahamwe atandukanye kuri uyu wa kane, Roger BANKIBIRWIRA arongoye PSR yamenyesheje yuko muri iki gihe turiko turarangiza umwaka abantu bakunda kugira umuvuduko urenze kugira banyarutse bagire ama turu menshi yo gutwara abantu n’ibintu kugira bunguke menshi. Roger aragabisha ko ico kintu bazogihana kuko baramaze kubona ko gitwara ibintu, abantu bagakomereka abandi bakitaba Imana.
Ngo nico kimwe n’abantu bapakira bakarenza kuri iyo mvo nyene. N’abantu barihisha amahera arenze ayashinzwe kw’itichet cane cane abaduga, canke abava ruguru baza i Bujumbura. Roger BANKIBIRWIRA amenyesha yuko abo bantu bazobahanwa ata kinya kuko ku neza y’abenegihugu, ku neza y’umutekano nta bintu vyo guca iruhande.
Ikindi yashikirije ni uko kizira kikaziririzwa ko umuntu aja kuri volant anyonge icuma yaborewe.
Roger BANKIBIRWIRA yarangije atera akamo abajejwe intwaro kugira bafashe kuraba ko abenegihugu bubahirijwe. Akanasaba yuko bene kugiramwo muri ivyo vyuma ko nabo nyene bategerezwa kwihagararako bakanka ko uburenganzira bwabo buhonyangwa.
Vous devez vous connecter pour laisser un commentaire.