#Burundi #Gitega #BasketBall: Dynamo na Berco Star Yaratahukanye Igikombe Citiriwe Umukuru W’igihugu.

Dynamo BBC uciye wiyandikishiriza amateka yokuba umugwi wa mbere utahukanye ico gikombe incuro zibiri zose wikurikiranya mubikombe bibiri bimaze gukinwa.

Kuri uyu wa gatabdatu, intara ya Gitega niyo yari yakiriye inkino zibiri zanyuma z’igikombe citiriwe umukuru w’igihugu mu mupira w’amaboko (Basket-Ball) igikombe kigira kabiri.

Kuruhande rw’abagabo n’imisore umugwi wa Dynamo BBC warashoboye kugumana igikombe wari watahukanye mu mwaka uheze mugutsinda abakeba babo Urunani BBC kumanota mirongo ine n’indwi kuri mirongo itatu n’icenda (47-39). Inyuma yo gutahukana ico gikombe Dynamo BBC uciye wiyandikishiriza amateka yokuba umugwi wa mbere utahukanye ico gikombe incuro zibiri zose wikurikiranya mubikombe bibiri bimaze gukinwa.

Kuruhande rw’abagore n’abigeme naho, umugwi wa Berco Star nawo waravyitwayemwo neza mugutsinda biworoheye cane abakeba babo Les Gazelles BBC kumanota mirongo itanu na rimwe kuri mirongo itatu n’atandatu (51-36).

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Only Abanywanyi bonyene nibo barekuriwe kwandika ivyiyumviro vyabo hano.

Shares