#Burundi: Athletico Olympic Iridogera Umuhagarikizi Guheka Aigle Noir!

Umuhagarikizi ntiyabaye mwiza uno munsi kuruhande rwacu ivyo vyagaragaye cane kuko uno munsi twarigutsinda iyo yareka kirya gitsindo ca mbere twari twinjije.

Umuhagarikizi Florent Akeza yahagarikiye urukino rwa Athletico Olympic na Aigle Noir aridogerwa n’umumenyereza wa Athletico Olympic Kembo amwagiriza kutabasifurira neza urukino yatsinzwe na Aigle Noir ibitsindo bibiri kuri kimwe (2-1) kuruyu w’imana ku kibuga umuganwa Rudoviko Rwagasore ahanini ngo yarabimye igitsindo kigaragara.

Ico twabuze uno munsi ngirango namwe mwakibonye, ntanahamwe ndigera mbona igitsindo gitewe kuri centre nkirya hama bavuge ngo yararirye, ivyo vyaduciye intege biratubabaza k’umutima kabisa. Umuhagarikizi ntiyabaye mwiza uno munsi kuruhande rwacu ivyo vyagaragaye cane kuko uno munsi twarigutsinda iyo yareka kirya gitsindo ca mbere twari twinjije.

Kembo avuga kandi ko umugwi wiwe utoshobora gukoroka icicaro nubwo uri mukibanza ca 15 n’amanota 19.

Oya nta Athletico Olympic yokoroka kuko nta musoda avuga ko agiye murugamba gupfa natwe tugiye kubandanya tugwana gushika k’umunota wanyuma.

 

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: