#Burundi: Abakunzi Ba Vital’O FC Barashimishwa N’ibikorwa Moussa Muryango Abakorera.

Ndashimiye abakunzi ba Vital'O FC kubona batahura ivyo nkora mû mugwi ndetse ndabashimiye kuvyo bampaye vyo

 

Inyuma yokuba amaze iminsi itari mike avyifatamwo neza mumugwi wiwe wa Vital’O FC mukuwutsindira ibitsindo nubwo ari umukinyi akina kuruhande rw’inyuma, Moussa Muryango yarashimiwe vyimva mutima n’abakunzi buyo mugwi kuri uyu w’imana inyuma yaho Vital’O FC yarihejeje gutsinda Buja (2-0).

Inyuma yuryo rukino, abafana ba Vital’O FC barahamagaye hanze y’ikibuga uyo mukinyi wa kera wa Inter Star aho baragenda baterera ico bafise cose mugasakoshi kiwe yarafise mukumwereka ko bashimishwa nivyo abakorera.

Moussa Muryango avugko ashimishijwe nabo bakunzi bumugwi wiwe kubona batuhura ivyo abakorera.

« Ndashimiye abakunzi ba Vital’O FC kubona batahura ivyo nkora mû mugwi ndetse ndabashimiye kuvyo bampaye vyo. »

Avuga kandi ko igituma ariko aravyifatamwo neza muri kino nuko yitanga cane mukibuga.

« Igituma abakunzi ba Vital’O FC banyemera nuko nitanga cane mukibuga na cane cane muvyo kuzibira. »

Moussa Muryango yarangije asaba abakunzi biwe bose kubandanya bamushigikira.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: