#Burundi #Bujumbura: Christian Kabera ‘Mourihno’ Yaronse Uwundi Mugwi.

Kabera ntabwo agiye kuba nk'umumenyereza muruyo mugwi ahubwo agiye kuba umuyobozi w'ubuhinga (Directeur Technique) wa Les Jeunes Athletics.

Inyuma yogutandukanya n’umugwi wiwe wa Flambeau De L’est yahora amenyereza muruno mwaka bivanye nuko abakunzi buyo mugwi batamwerekwa, Christian Kabera batazira ‘Mourihno’ yahavuye aronka uwundi ariwo Les Jeunes Athletics ukina icicaro ca kabiri mu Burundi Ligue B itangura kuruyu wa kane.

Kabera ntabwo agiye kuba nk’umumenyereza muruyo mugwi ahubwo agiye kuba umuyobozi w’ubuhinga (Directeur Technique) wa Les Jeunes Athletics aho agiye gukurikiranira hafi umumenyereza wiwe Amouri Manirakiza asanzwe ariwe aramutswa iyo mugwi.

Les Jeunes Athletics umugwi wo mugisagara ca Bujumbura ugiye kuba umugwi wiwe ugira 10 agiye gukoreramwo. Amaze guca migwi ya  Magara Star wo mu Rumonge mucicaro ca kabiri Ligue B, Imboneza U-13, AS Ucom, Esperance Academy Kigali, Peace United, Butare City, Ngozi City, Delta Star, Flambeau De L’est.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: