#Burundi: Rumonge, Ubushikranganji bw’Amagara y’Abantu Buramenyesha Ko Ikiza Ca Choléra Cateye Mu Rumonge.

Tubamenyeshe yuko ico kiza kimaze kwibonekeza no muri zone ya Buterere iri mu gisagara ca Bujumbura.

Copyright@EcoBurundi

Ubushikranganji bw’amagara y’abantu no kugwanya ikiza ruhonyanganda Sida buramenyesha ko ikiza ca choléra cateye muri komine n’intara ya Rumonge m’ubumanuko bw’igihugu kuva kw’igenekerezo rya 25 Kigarama.

Muganga Thaddée NDIKUMANA  akamenyesha yuko abantu bagera kuri 45 bari mu bitaro mu karere k’ubuvuzi bwa Rumonge. Ngo muri abo umwe akaba amaze gutaha ngo kandi yakize.

Muganga Thaddée NDIKUMANA  akamenyesha kandi yuko iyo ndwara ya choléra yibonekeje mu  gisagara ca Rumonge mu ma quartier Teba, Kanyenkoko hamwe na Gihwanya, eka mbere no ku mitumba ya Muturirwa, Cugaro na Kibozi yo muri zone Minago. Ngo hakaba n’umutumba wa Mwange wa zone Kizuka, imitumba ya Gatete, Mutambara na Makombe yo muri zone Gatete, umutumba wa Karonda wo muri zone Kigwena hamwe n’umutumba wa Bisaka wo muri zone Murago uri muri komine ya Burambi.

Mw’itangazo y’ubwo bushikiranganji ryo kuri uyu wa gatanu, umushikiranganji w’amagara y’abantu akavuga ko zimwe mu mvo ari imyuzurira y’amazi yateye ubuzi bwa sugume bituma imyanda isanzara.

Muganga Thaddée NDIKUMANA agahumuriza abanyagihugu ko ubushikiranganji bwiteguye kugarukira abanyagihugu.

Ngo ubushikiranganji bw’amagara y’abantu busanzwe bwariteguye kugira ngo mwe nico kiza giteye bushobore gutabara budatevye.

Tubamenyeshe yuko ico kiza kimaze kwibonekeza no muri zone ya Buterere iri mu gisagara ca Bujumbura. Umuntu umwe akaba amaze gushikanwa mu bitaro vya Prince Régent Charles. Muganga Thadée NDIKUMANA akaba amenyesha yuko baza kujanayo abajejwe kuvura kugira ngo basuzume bongere bapompe mu mihana na cane cane mu Buterere kubera naho nyene imvura imaze imisi igwa hariho amazi menshi atuma ubuzu bwa sugume butuma imyanda iduga hejuru.

Thadée NDIKUMANA yaboneyeho akanya ko gusaba abajejwe intwaro, abenegihugu eka mbere n’abasanzwe bashigikiye ubushikiranganji muvy’amagara y’abantu kugira ngo bagire inguvu hamwe bashobore kurwanya ico kiza. Agasaba abenegihugu gukurikiza ya ma bwirizwa y’isuku.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: