#Burundi : Hakizimana Alexis Kitenge Yoba Agiye Gukina M’Ubushinwa?

Ego ndagiye mubushinwa gukina ariko mubandanye munsabira kugira ngo nshike amahoro murico gihugu.

Kuri uyu wa gatanu igihe c’isaha 14h45′ ku kibuga mpuzamakungu c’indege ca Bujumbura niho umusatirizi w’umurundi Hakizimana Alexis Kitenge yafashe indege igana mu gihugu c’Ubushinwa aho agiye gukina nkuko yabitumenyesheje atarafata indege ariko ntiyatubwiye umugwi agiye gukinamwo.

« Ego ndagiye m’Ubushinwa gukina ariko mubandanye munsabira kugira ngo nshike amahoro murico gihugu. » 

Inkuru ikinyamakuru MagaraTimes yahavuye ironka kubasanzwe begereye uyo mukinyi batumenyesheje ko Kitenge agiye gukinira m’Ubushinwa mu mugwi wo mucicaro ca mbere wa Macao Club uherere mugisagara ca Hong Kong.

Alexis Kitenge yahora mu mugwi wa Stand United wo muri Tanzania kuva muntango zuno mwaka w’inkino wa 2018-2019. Amaze gukinira imigwi nka AC Leopard  wo muri Kenya, Athlético Olympic na Bujumbura City yo mu Burundi.

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: