#Burundi #LigueB: Uku Niko Imigwi Yose Yatsindanye Mucicaro Ca Kabiri.

Inyuma y’imyaka 30 utaruherutse gukina mucicaro ca kabiri, Inter Star nawonyene waravyitwayemwo neza murukino rwayo rwambere aho watsinze Les Jeunes Athletics (1-0).

Ihiganwa ryo mucicaro ca kabiri mu Burundi, Ligue B ryaratanguye icese kuva kuruyu wa kane, itariki 27 Kigarama 2018. Imigwi itandukanye yaragiye iratana mu mitwe; Muzinga FC umugwi w’igisirikare c’Uburundi watanguye iryo higanwa neza aho wanyagiye Rumonge City ibitsindo (4-1). Buhumaza FC umugwi mushasha wo mu ntara ya Cankuzo nawo waravyitwayemwo neza mugutsindira Busoni Star bawusanze iwayo mu ntara ya Kirundo bawutsinda ibitsindo (3-2). Inyuma y’imyaka 30 utaruherutse gukina mucicaro ca kabiri, Inter Star nawonyene waravyitwayemwo neza murukino rwayo rwambere aho watsinze Les Jeunes Athletics (1-0).

Muri Rusangi Uku Niko Inkino zose zagenze.

BS Dynamic 2-2 Les Eléphants FC.
Inter star 1-0 Les Jeunes Athletics.
Muzinga FC 4-1 Rumonge City.
Volontaire FC 0-0 Aigle Noir B.
Busoni Star 0-1 Buhumuza FC.
Top Junior 1-0 Unité FC.
Lumière de Mwumba FC 2-3 Delta Star.
Moso Sugar 2-1 Royal FC.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: