#Burundi #PrimusLigue : Uku Niko Imigwi Yatsindanye Mu Ndwi Ya 21.

Musongati FC inyuma yo kumara inkino zi tatu utariko uratsinda, wahavuye usubira gutsinda urikumwe n’umumenyereza wayo mushasha Nimubona Thierry batazira Shombe, bakaba batsinze Lydia Ludic ibitsindo (3-1).

Ihiganwa ryo mucicaro ca mbere ryari rigeze mundwi yaryo 21, kuva kuru wa gatandatu no kuruyu w’Imana. Musongati FC inyuma yo kumara inkino zi tatu utariko uratsinda, wahavuye usubira gutsinda urikumwe n’umumenyereza wayo mushasha Nimubona Thierry batazira Shombe, bakaba batsinze Lydia Ludic ibitsindo (3-1). Vital’0 FC nawo inyuma yo kuva hariya i Ngozi utsinzwe (2-0) na Ngozi City mundwi ya 20 wasubiriye kuvyifatamwo neza utsinda Les Lierres FC ibitsindo (3-1).

Muru rusangi Uku Niko Imigwi yose yatsindanye:

Les Lierres FC 1-3 Vital’0 FC.

Aigle Noire FC 1-0 Bumumuru FC. 

Flambeau Du Centre 0-2 Messager Ngozi FC.

Kayanza United 2-1 Flambeau De L’est.

Bujumbura City 3-0 Ngozi City.

Atletico Olympic 3-1 Messager Bujumbura FC.

Musongati FC 3-1 Lydia Ludic Burundi Sport 4Africa.

Olympic Star 1-1 Rukinzo FC.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: