#Burundi: Umukinyi Wo Hagati Wa Flambeau Du Centre Yarasomye Igitabo Kirangiza Amashure Ya Kaminuza.

Isaie Niyukuri yiyongeye kuri Olivier Bayizere na Urasenga Cédrick Danny Kagabo basanzwe bari mw'ishure rimwe ry'umupira w'amaguru rya Academy Messager bahejeje ivyirwa vya kaminuza.

 

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 29 Kigarama 2018 igihe c’isaha 14h00, mu nyubako z’ishuri rya kaminuza rya Université Des Grands Lacs riri mugisagara ca Bujumbura, niho Isaie Niyukuri umukinyi wo hagati w’umugwi wa Flambeau Du Centre yasomeye igitabo ciwe kirangiza ivyirwa vya kaminuza. Uyo mukinyi wa kera wa Messager Bujumbura yahora yiga igisata c’ubuvuzi ( Faculté Des Sciences De La Santé).

Isaie Niyukuri yiyongeye kuri Olivier Bayizere na Urasenga Cédrick Danny Kagabo basanzwe bari mw’ishure rimwe ry’umupira w’amaguru rya Academy Messager bahejeje ivyirwa vya kaminuza.

Niyukuri Isaie batazira Kanté numwe munkingi zohagti mu mugwi wa Flambeau Du Centre aho awumazemwo imyaka ibiri, akaba yaratanguriye ivyo gukina umupira w’amaguru mu mugwi wa Les Crocos FC  ariwo Messeger Rumonge ico gihe warukiri mucicaro ca kabiri, Ligue B, arawuvamwo aja muri Messager Bujumbura.

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

1 Comment

  1. Avatar
    Prosper Nipro Niyorugira décembre 31, 2018

    Felicitation kuwo musore wa flambeau du centre

    Reply

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko:

%d blogueurs aiment cette page :