#Burundi #CoupeDuPrésident: Uku Niko Inkino Zose Zagenze Mugice 32 Gishira Icanyuma Hamwe Nizigiye Gukinwa Mugice 16 Gishira Icanyuma.

Les Lierres FC yaronse ubwo burenganzira ibanje gucumukura imbere ya Aigle Noir B usanzwe ukina icicaro ca kabiri Ligue baje kuwutsinda kuri za penalty (2-1) mugihe murukino rwose bari banganije 1-1.

Igikombe kigira 10 citiriwe umukuru w’igihugu caratanguye kuva ku munsi wa kane igenekerezo rya  03 Nzero 2019 gushika igenekerezo rya 06 nzero 2019, Inkino z’igice ca 32 gishira icanyuma nizo zakinywe. Imigwi yose isanzwe ikina icicaro ca mbere muri Primus Ligue Burundi yararonse uburenganzira bwo kubandanye nubwo Les Lierres FC yaronse ubwo burenganzira ibanje gucumukura imbere ya Aigle Noir B usanzwe ukina icicaro ca kabiri Ligue baje kuwutsinda kuri za penalty (2-1) mugihe murukino rwose bari banganije 1-1. Kurundi ruhanse imigwi isanzwe ikina icicaro ca mbere nka yose yararenganye ico gice kiretse Les éléphants na Volontaire FC yasezerewe n’imigwi iasanzwe ikina amahiganwa yo mu ntara.

Uku Niko Inkino Zose Zagenze Mugice 32 Gishira Icanyuma Hamwe Nizigiye Gukinwa Mugice 16 Gishira Icanyuma.

Royal FC 4-0 Nyabitsinda FC de Ruyigi

Flambeau De L’est 7-0 Béthanie de Gitega

Les Jeunes Athletics 3-0 Pneu FC de Mubimbi

Les Lierres FC 1-1 Aigle Noir Mairie: (Pénalty 2-1)

Athletico Olympic 3-1 Mamba vert de Karusi.

Olympic Star 13-0 Intaramyi de Kinyinya

Bumamuru FC 1-0 Académie Umutima de Cibitoke.

Bujumbura City 10-0 Mapenzi FC de Mutimbuzi

Ngozi City 5-0 Jesca Régina Mundi.

Inter Star 7-0 Messager Gishubi.

Busoni Star 1-1 Malaika Fc Karusi Penalty (4-2).

Kayanza United 6-0 Fredom FC de Gisuru.

Les Crocos de Rumonge 1-0 Zébre de Gitega.

LLBS4A 5-0 Unité des Jeunes Rumonge.

Delta Star de Gatumba 5-0 Cenga Boys FC Rutana.

BS.Dynamik 2-1 New Force de Makamba.

Aigle Noir Makamba 8-1 Libellules FC de Cankuzo.

Volontaire 1-1Santé FC Ngozi: penalty (2-4).

Muzinga FC 5-1 Ouragan de Kayanza.

Rumonge City 2-1 Tamura FC de Ruyigi

Lumière de Mwumba 3-2 Imboneza de Kinyinya.

Top Junior 12-0 Unité de Mabanda.

Musongati FC 15-1 Les Aigles Commerçants.

Moso Sugar 6-0 Les Jeunes Rapides de Karusi.

Butare City 2-1 Matana.

Unité FC 1-1 Pigeon (Penalty 6-5).

Rukinzo FC 8-1 Magara Young Boys.

Messager Bujumbura 4-1 La Liga.

Vital’0 FC 3-0 Tout jeunes de Gitega.

Messager Ngozi FC 8-0 Gasumo de Mwaro.

Flambeau Du Centre 15-1 Aigle Parc de Butezi.

Les éléphants FC 0-0 Sangwe FC de Bururi (penalty 1-4).

Igice ca 16 gishira icanyuma zigiye kubandanya kuva kuruyu wa kane itariki 10 nzero 2019 hasigaye kumenya gusa ibibuga zizokinirwako nazo zigiye guhura uku gukurikira.

  1. Aigle Noir vs Busoni Star
  2. Athletico Olympic vs Moso Sugar.
  3. Buja City vs Sangwe FC de Bururi.
  4. Bumamuru FC vs Top Junior.
  5. Flambeau du Centre vs Delta Star.
  6. Flambeau de l’est vs Royal FC.
  7. Kayanza United vs Les jeunes Athletics.
  8. Les Lierres FC vs Unité FC.
  9. LLB vs Rumonge City.
  10. Messager Bujumbura vs Butare City
  11. Messager Ngozi FC vs Muzinga FC
  12. Musongati FC vs BS Dynamik.
  13. Ngozi City vs Santé FC de Ngozi
  14. Olympic Star vs Inter Star.
  15. Vital’0 FC vs Lumière de Mwumba.
  16. Rukinzo FC vs Les Crocos FC de Rumonge.

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: