#Europe: Real Madrid Urizeye kuronka Umukinyi Wo Hagati Wa Tottenham Hamwe Nuwa Chelsea.

Real Madrid uriko wipfuza gusubira kwisuganya kugira ngo usubirize neza umukinyi wayo Christiano Ronaldo yawuvuyemwo aja muri Juventus.

Christian Eriksen umukinyi wo hagati wa Tottenhm aripfuza cane n’umugwi wa Real Madrid bikavurwa ko uriko utanga imiriyoni 100 za mafaranga akoreshwa mu bwongereza nkuko Ikinyamakuri The Independent kibivuga.

Real Madrid uriko wipfuza gusubira kwisuganya kugira ngo usubirize neza umukinyi wayo Christiano Ronaldo yawuvuyemwo aja muri Juventus.

Ico kinyamakuru nyene kirabandanya kimenyesha ko Eden Hazard nawenyene ari mubakinyi Real Madrid irondera hasi hejuru. Aba Los Blancos bakaba bamaze kubonana nabasanzwe baserukira Eriksen, nabo babasaba gutanga izo miriyoni 100£ kugira bamurekure. Abarongoye Real Madrid bakizera ko ico giciro gishobora kugabanurwa.

Tottenham yoyo iri mumigambi wo kwongereza amasezerano uyo mukinyi wabo aho bipfuza kumuha umushahara uri hagati y’ibihumbi 200.00£ na 250.00£ ku ndwi kugira ngo yemere kwongereza amasezerano. Christian Eriksen umunya Denmark w’imyaka 26 amasezerano yiwe na Tottenham asigaje ikiringo c’amezi 18 kugira arangire.

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: