#Burundi: FFB Iriyamiriza Urutonde Rw’abakinyi B’Intamba Murugamba U-20 Ruriko Ruraca Kumbuga Ngurukana Bumenyi Zitandukanye.

"Urwo rutonde sirwo kandi twebwe narwo tuzi kuko iyo dushaka gusohora urutonde turahamagara abanditsi n'abamenyesha makuru muri (Conference de presse) ndetse akenshi iyo dusohoye urutonde rw'abakinyi twama turushira kurubuga rwacu."

Kuri uyu wa gatatu hazindutse haca ku mbuga ngurukana bumenyi zitandukanye urutonde rw’abakinyi b’intamba mu rugamba z’abatarenza imyaka 20. Mw’ishirahmwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB barabeshuza urwo rutonde ko batazi iyo rwaje ruzananye nkuko twabimenyeshejwe n’uwusanzwe ajwejwe gutanga amakuru muri FFB, Basegeta Avelin.

« Urwo rutonde sirwo kandi twebwe narwo tuzi kuko iyo dushaka gusohora urutonde turahamagara abanditsi n’abamenyesha makuru muri (Conference de presse) ndetse akenshi iyo dusohoye urutonde rw’abakinyi twama turushira kurubuga rwacu. »

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, FFB rirangiza risaba abakunzi b’intamba murugamba U-20 kurindira gato urutonde ruzosohoka ndetse bakabasaba kubandanya bashigikira umugwi wabo.

« Dusaba abakunzi b’intamba kurindira gatoyi kuri uyu wa gatandatu canke kuri uyu w’Imana niho staff igize uyu mugwi izokoranya kugira ngo itore urutonde rwisunze ubuhinga. Turabasaba kandi kubandanya bashigikira umugwi wabo ababishoboye bazowuherekeze muri Niger abatabishoboye nabo babandanye bahimiriza abandi kubashigikira. »

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: