#Burundi #CoupeDuPrésident #BreakingNews: Vital’O FC irasezerewe na Lumière FC De Mwumba FC!

urugendo rwa Vital'0 FC rukaba rugarukiye ngaho  mugihe uwusanzwe amenyereza uyo mugwi Jean Gilbert Kanyenkore batazira Yaoundé yahora avuga ko umugwi wiwe ufise ihangiro ryo gutwahukana ico gikombe.

Umugwi wa Vital’O FC warusanzwe ufise igikombe citiriwe umukuru w’igihugu co mu mwaka uheze uhejeje gusezerwa murico gikombe nyene n’umugwi wa Lumière FC de Mwumba usanzwe ukina icicaro ca kabiri Ligue B kuri penalty (5-4) inyuma yo kunganya 0-0 mu rukino rwose. Hari mu rukino rw’igice 16 gishira icanyuma mugikombe citiriwe umukuru w’igihgu rwabereye ku kibuga Ingoma mu ntara ya Gitega.

Urugendo rwa Vital’0 FC rukaba rugarukiye ngaho  mugihe uwusanzwe amenyereza uyo mugwi Jean Gilbert Kanyenkore batazira Yaoundé yahora avuga ko umugwi wiwe ufise ihangiro ryo gutwahukana ico gikombe.

Murukino rwa mbere rwo murico gikombe, umugwi wa Vital’0 FC wari wasezere umugwi Tout jeunes de Gitega ku ntsinzi (3-0) mugice ca 32 gishira icanyuma ni mugihe Lumière de Mwumba wo wari wasezereye bigoranye umugwi wa Imboneza de Kinyinya kuntsinzi y’ibitsindo (3-2).

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: